Scroll to Top

Ivyo urukundo  Gygy Money akunda Diamond vyamenyekanye

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 04 Oct 2017 07:53 AM / /

Diamond ngo arabizi ko Gygy Money amukunda kuko yama yabimubwiye, kandi akaba yiteguye kubana nawe aramutse avyemeye.

Mu gihe Diamond Platnumz asa nkaho ari ikirwanirwa mu bagore muri kano karere muri kino gihe, umwigeme w’umuririmvyikazi akaba umunyamideri eka n’umunyamakuru yemeje ko akunda Diamond birenze urugero.

Gygy Money, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru  Times100 muri Tanzania yavuze ko ngo na Diamond abizi ko amukunda kuko yama yabimubwiye, ngo aramutse yemeye n’ukubana bobana.

Muri ico kiganiro nyene Gygy yemeje ko ubwiza bivurwa zari afise ataco bwomutwara kuko ngo ubwiwe buhagije kugira abashe kugira ico avuze.

Uwo mukobwa yabajijwe nimba uwo barikumwe mu rukundo atobibona nabi ivyo yavuze, yavuze ko ataco abibonamwo kuko ngo urwakunda Diamond rurengeje.

Uwo mukobwa akaba yarigeze n’ukuja muri imwe muma Clip ya WCB aho yemeza ko n’ubwo batari kumuriha ngo yari kujamwo kuko we hari ico yashaka muri iryoja muri iyo Clip.

7,275 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel