Scroll to Top

Primus Ligue: Musongati FC ironse amanota atatu ya mbere ku ndwi ya gatanu.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 04 Oct 2017 11:08 AM / /

Kuri uno wa gatatu, kw’igenekerezo rya  4  Gitugutu, niho habandanya ihiganwa ry’urukino rw’umupira  w’amaguru hano mu Burundi ( Primus Ligue), inkino zigera ku ndwi zikaba ziraye zikinwe ku bibuga bitandukanye.

Umugwi wa Musongati wari uramutse wakira Inter Stars, uronse intsinzi yawo ya mbere kuva ihiganwa ritangura. Uyu mugwi wari umaze kunganya incuro zitatu, wongera utsindwa rimwe, ivyatumye uduza ikibanza (9)ku rutonde rw’imigwi n’ingene ihagaze mw’ihiganwa.

Inkino muri rusangi zikaba zagenze uku:

Les Lierres 3-1 Delta Stars

Olympique Stars 2-0 Les Jeunes Athletiques

Ngozi City- Aigle Noir FC

Vital’o FC-0-0 Athletico Olympique

Flambeau de l’Est 2-0 Buja City

Musongati 2-1 Inter Stars

LLBS4A 1-0 Messager Bujumbura

Ku ndwi ya gatanu ya Primus Ligue, n’umugwi wa LLBS4A umaze gutsinda inkino zose uko ari zitanu mu gihe Umugwi wa Vital’o FC bikigoye ko uronka itsinzi ku kibuga cayo. Urukino rumwe rusigaye rukazoba ku munsi w’ejo, aho ruzohuza umugwi wa Messager Ngozi na Flambeau du Centre w’i Gitega.

8,624 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel