Scroll to Top

Iki nico Big Fariouz yavuze kukuguma i Burayi ahejeje ibiteramo

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 05 Oct 2017 03:02 AM / /

Big fizzo yasohotse igihugu Irya mbere kuva mu kwezi kwa 4 agarutse I Bujumbura.

Photo hot257 | Big Fizzo kuri Airport ya Bujumbura

Ku musi w’ejo ku muhingamo Niho Big Fizzo yafata indege imwerekeza mu gihugu c’ubutariyano aho yitezwe mu giteramo kuri uyu wa 10 gitugutu.

Amakuru dukesha urubuga rw’uwujejwe gutanga amakuru ya Big Fizzo, ngo azogaruka I Bujumbura inyuma y’indwi 2, kugira abashe kubandanya akazi kiwe k’umuziki.

Big Fizzo kandi ngo agiye kuza arakora ibiteramo vyo hanze y’igihugu ariko agaruka muhira I Bujumbura. Aho ni mu gihe bizwi ko yahora agenda akamara igihe atari I Burundi.

Big Fizzo akaba ariryo rya mbere asohotse igihugu inyuma y’igihe kitari gito ari i Bujumbura. Akaba yashitse mu kwa 4 avuye mu Rwanda kwitegurira igiteramo yakoze co gushira ahabona Album yiwe #Fizzology.

12,552 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (3)

Guest
2017-10-05 00:00:00

Ekaye Siryambere, Ntimuziko Aheruka I Dar Es Salaam Mur Shooting Yawe Na Tid? Ahubwo Niryakabiri Asohotse Igihugu Kuva Arino Mukwa 4

Enock
2017-10-05 00:00:00

fizz arakora bigashimwa

Guest
2017-10-06 00:00:00

Tuakilishe Jembe Letu,wakupwapwacha Waendelee Kuisoma

Write a comment ...
Post comment
Cancel