Scroll to Top

Basigaye batunzwe n’amazi yo mu migazo no mu nzuzi

By La Rédaction / Published on Thursday, 05 Oct 2017 03:43 AM / /

 

Imisi igera kuri itatu iraheze abanyagihugu bo muri komine ya Rugombo ndetse no mu gisagara ca Cibitoke batagira amazi meza aho bamwe muri bo basigaye batunzwe n’amazi bavoma mu nzuzi za Nyamagana, Nyakagunda hamwe no mu migazo.

Amakuru ava mu buyobozi bw’igisata kijejwe gukwiragiza amazi meza mu banyagihugu Regideso, iryo kena ry’amazi ridasanzwe muri iyo ntara ya Cibitoke ngo rikaba ryaturutse ku miringoti isanzwe ikwiragiza amazi muri utwo turere yahuye n’ibibazo yamara bakamenyesha ko baza baramaze gutumayo abahinga baza kuraba ko ico kibazo bogitorera umuti urama.

Yamara naho muri Regideso bamenyesha ko bariko barakemura ico kibazo, abatari bake mu basanzwe baba muri utwo duce tubiri tutarangwamwo amazi meza basaba ko hokongerezwa amazi yahora aboneka mu misi mu gihe ayo bari bakoresha atari bwigere yongerezwa kuva mu mwaka w’1980 kandi abanyagihugu bayakoresha bo baguma biyongera uko bukeye uko bwije.

 

11,442 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel