Scroll to Top

Intambwe z’Uburundi buca zakira igihugu ca Congo.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 05 Oct 2017 12:11 PM / /
Urukino rwahuje Uburundi n’Urwanda mu mwaka wa 2015

Mu mpera z’ino ndwi tuimwo, Uburundi buzoba buramutse bwakira urukino mpuzamakungu mu rukino rwa Rugby. Urukino ruzohuza umugwi nserukiragihugu w’Uburundi “Intambwe”  n’umugwi nserukiragihugu w’igihugu ca Congo Kinshassa.

Urwo rukino rukaba rutegekanijwe kuri uno  wa gatandatu w’igenekerezo rya 7 Gitugutu, ku kibuga benshi bazi kiri ahitwa kuri Tempete.

Kubw’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’urwo rukino hano mu Burundi,  Mvutsebanka Celestin yatumenyesheje ko muri rusangi imyiteguro yamaze kuba irangira, hasigaye ko urukino rutangura.

” Umugwi w’Intambwe umaze amezi ane yose uri mu myiteguro, nibaza ko tuzokwerekana urugero rushimishije imbere y’igihugu ca Kongo. Twari twifuje kugira ihiganwa ry’ibihugu bitatu, Uburundi, Gabon hamwe na Congo, ariko Gabon yahavuye yikura mw’ihiganwa.”

Ivyo bikaba biri uko mu gihe iryo higanwa ryari kuba ryatanguye ku magenekerezo ya 1-7 Gitugutu, ariko kubera ikibazo ca Gabon, baciye biyumvira kugira urukino rumwe gusa.

Mwomenya ko mu gihe Uburundi bwotsinda urwo rukino buzoca buja mu rugero rugira kabiri mw’ishirahamwe ry’urukino rwa Rugby muri Afrika, aho buzoca busubira kuja hamwe n’igihugu c’Urwanda rwo rwamaze kuja muri urwo rugero.

14,318 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel