Scroll to Top

Zari yavuze aho ubucuti bwiwe na Diamond bugeze

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 08 Oct 2017 02:04 AM / /

Diamond na Zari ngo ubucuti bwabo buracahari, ariko bipfuza ko butandukana n’ubuzima bwabo bwo kuri Social Media.

 

Mu gihe ibinyamakuru bitandukanye vyari bimaze igihe bivuga ko hagati ga Diamond na Zari bisa n’ivyahagaze, zari yaraye abeshuje ayo makuru.

Mu kiganiro U Heard, Zari yavuze ko ivyiwe na Diamond ataho biraja nkuko abantu bavyibaza, ngo ico bikoze bipfuza ko ubuzima bwabo buba ubusanzwe bugatandukana n’ubwo kuri Social Media.

Zari abishikirije mu gihe bivurwa ko Diamond yoba yakuwe mu bamukurikirana kuri Instagram, anamwaka uburenganzira bw’ukunabisaba (Blocked).

Intandaro ngo n’iyemerwa na Diamond ko yavyaranye na Hamissa Mobeto, aho yanasavye imbabazi Zari n’abana kuba yarabakoze ivyo.

Ubu bikaba bigoye kuvuga ibizokurikira, ubona ko imanza zahora zikunda kubonekamwo uwo muryango ukwiye atazo Zari aherutse kubonekamwo.

8,538 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel