Scroll to Top

Rashid leon ati:” Ntituratahura ivyo Aigle Noire yaraye idukoreye.”

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 09 Oct 2017 08:29 AM / /

 

Hari Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 07 Gitugutu umwaka wa 2017 isaha cenda z umuhingamo 15h i Gitega aho umugwi Aigle Noire wari wakiriye Umugwi LLB wari usanzwe ufise ikibanza ca mbere vy’imfata kibanza muri Primus League , Urukino rukaba rwararangiye Umugwi Aigle Noire unyagiye umugwi LLB Ibitsindo 4-0.

Umugwi Aigle Noire waciye uba umugwi wa mbere utsinze umurwi LLB kuvaho ihiganwa rya Primus league ritanguye. LLB rikaba ribaye iryambere batakaje urukino na rumwe ukaba wari ufise amanota 12/12.

Inyuma yo gutakaza urwo rukino Indundi Sports yegereye kizigenza w’uyo Mugwi ariwe Rashid Leon imubaza icoba catumye batakaza urwo rukino .

Rashid leon yavuze ati ” Ntituratahura gushika muri kano kanya Aigle Noire ivyo yaraye udukoreye twarabarusha umupira ariko ingene ibitsindo vyinjiye ntiturabitahura n’abanya Gitega bonyene baratangaye.”

Rashid Leon akavuga kandi yuko baronse icirwa ku rukino rw’ejo, agasubira akanavuga yuko bagiye kwitegura kandi kugira basubire mu kibanza cabo ca mbere vy’Imfata kibanza.

 

Mu kamenyako umugwi Aigle Noire uhejeje gutsinda LLB ariwo waciye ufata ikibanza ca mbere n’amanota 16 ugakurikirwa na LLB ufise amanota 15.

2,520 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (2)

Ntiranyibagira Gaspard
2017-10-09 00:00:00

Ugutsindwa kwa LLB sigitanza cane kuko numugwi wa batsinze ntiworoshe muri kigihe nibatahure kandi bibaze twatsinzwe numugwi wa kangahe???Aigle noir nayo munteguro yurukino yarifise ihangiro ryogutsinda.Ahubwo LLB nihakure icirwa kandi ibona nico ihindura imbere yuguserukira Uburundi mu makungu.

Eldy
2017-10-10 00:00:00

Aigle noir isanzwe ikomeye gose muriki gihe

Write a comment ...
Post comment
Cancel