Scroll to Top

Inyuma y’ugusubira gutorwa, yagize ico ashikiriza [ Audio].

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 09 Oct 2017 10:53 AM / /

 

FOTO FFB

Kw’igenekerezo rya 8 Gitugu 2017, niho haraye harangiye amatora makuru mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi.  Amatora yabereye mu ntara ya Gitega, abagize inama yaboe bakaba basubiye kwizera uwahora arongoye iryo shirahamwe ngo asubire arirongore mu kiringo c’imyaka ine iri mbere.

Inyuma  y’ugutorwa yashimiye abasubiye kumwizera yongera anashimira abo bahorana mu nama nyobozi yahahora ariko  batashoboye kugaruka mu mabanga bahorana. Mu migambi mukurumikuru, birumvikana ko umupira w’abana bakiri abto  ariwo uza imbere ya vyose.

Umukenguzamateka Ndikuriyo Reverien yarongeye arasaba abari ngaho nabo ko botangura gukora cane kugira ngo nabo baze bitoze mu biringo bikurikira ngo ntawokwigungirako. ” Muze muragerageza gutegura abazodusubirira kuko hariho ibintu vyinshi vy’ugukora, nta kwama mu bintu bimwe.”

Mwumvirize rino jambo yashikirije ahejeje gutorwa.

2,511 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel