Scroll to Top

Fuadi Ndayisenga yoba agiye kuronka umugwi inyuma y’igihe kirekire.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 10 Oct 2017 10:44 AM / /

Inyuma y’ikiringo kitari gito, atariko araboneka mu kibuga, Fuadi Ndayisenga agiye kugaruka mu kibuga mu gihe yoba aronse amasezerano muri AS Kigali.

Uno mukinyi yaramaze akorera imyimenyerezo mu mugwi wa Rayon Sports, aho vyavuzwe ko aza gusubirira Savio Ncuti yakomeretse. Amakuru ava mu gisagara ca Kigali amenyesha ko Fuadi Ndayisenga yamaze gutangura imyimenyerezo muri AS Kigali.

Umuvugizi wa AS Kigali, akaba atabeshuje ayo makuru, mu kinyamakuru Umuseke.rwa, Joseph Nshimiye yamenyesheje ko  bariko baragiranira ibiganiro n’uno musore yahoze akinira Rayon Sports na Kiyovu Sports mu gihugu c’Urwanda.

Fuadi Ndayisenga kuva avuye mu mugwi wa SOFAPAKA mu ntango z’umwakaw’2016, ntiyashoboye kuronka umugwi. Muri Mukakaro 2015, Fuadi Ndayisenga yakoze imyimenyerezo muri Azam FC yo mu gisagara ca Dar es Salam, inyuma y’aho aja gukina muri Villa Sports Club mu gihugu c’Ubuganda.

4,027 total views, 8 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel