Scroll to Top

Umwana wa Dudu ntiyakize ariko ingwara yarahagaze

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 10 Oct 2017 14:10 PM / /

Dudu Niyukuri yamenyesheje ko ingwara yarihanze umwana wiwe yahagaritse gukura.

Dudu Niyukuri ngo umwana wiwe ntiyakize ahubwo ubu Imana iracamukingiye ingwara ntikibandanya ikura nkuko vyahora.

Muri Video yashize ahabona kuri uyu wa kabiri, uwo muririmvyi w’indirimbo zihayagiza umukama, avuga ko atarazi ko afise umuryango nk’uwo yabonye mu bihe bitoroshe aheruka gucamwo.

Yanaboneyeho akaryo ko gushimira abo bose babaserutseko mu buryo ubu canke buriya, akanabasaba kubandanya babana n’umuryango wiwe kuko urugendo rukiri rurerure.

Dudu yamenyesheje ko ingwara ya Cancer yafashe umwana wiwe yatumye ijisho rimwe ry’uwo mwana ryononekara biba ngombwa ko barikurayo. Ariko irindi ryo iyo ngwara yabaye ihagaritswe n’imisi bamaze bivuza.

Ubu bakaba babakaba ngo babandanya kuba hagufi y’abaganga ngo iyo ngwara itabandanya gukwira ibindi bihimba. Bakaba babamenyesheje ko bashobora gufata umwanya ushikana Ku myaka 15.

Ijisho ry’irikorano rikaba ariryo ahanini bariko barirukamwo ngo bamenye uburyo rigurwa ngo bakubite inzu ibipfunsi amere nk’abandi.

Mwomenya ko umwana wa Dudu yamaze amezi 7 ariko aravurwa – chimiothérapie -. Aho guhera Ku mezi 4 y’amavuko ari naho bamenye ko afise ubwo burwara.

10,472 total views, 12 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel