Scroll to Top

Alfa ngo buca ategura igiteramo c’ugushirako ama Tatouage

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 11 Oct 2017 04:07 AM / /

Igiteramo c’ugushirako ama Tatouage kiriko kirategurwa na Alfa i Gisenyi mu Rwanda.

Hampande y’ukuririmba, n’ubu Dj, Alfa asanzwe afise uwundi mwuga w’ukwandika Ku mibiri y’abantu -Tatouage-, umwuga uriko uratuma amenyekana muri Ico gisagara ca Kigali.

Mu kiyago yagiranye na Indundi Magazine, yamenyesheje ko hari kimwe mu biteramo ariko arategurira Ku kiyaga ca Kivu muri Gisenyi mu Rwanda. Muri ico gikorwa akazobasha gushirirako ama Tatouage abasanzwe bavyipfuza.

Muri ico kiyago nyene yavuze ko ico gikorwa kizoba kigabuyemwo imice ibiri irimwo amasaha yo ku murango bazoba bari Ku kiyaga hamwe n’amasaha y’ijoro bazoba bari mu nzu y’ubutambiro Shi-house Gisenyi ari nabo bariko baramufasha muri Ico gikorwa.

Muri ico kiyago twashatse kumenya igihe bizobera yavuze ko bizoba mu mpera z’uku kwezi ariko itariki itaramenyekana.

Alfa akaba asigaye ari rutumwako muri ico gisagara ca Gisagara haba muvy’ugushirako ama Tatouage canke muvy’ubu Dj, mu misi iheze akaba aheruka kwakira umu Dj akomotse muri America.

5,060 total views, 44 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel