Scroll to Top

Ibanga yakoresheje kugira atsinde LLB ibitsindo 4-0

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 11 Oct 2017 04:22 AM / /

Kur’uwu wa gatandatu igenekerezo rya 07 Gituguru umwaka wa 2017 niho umugwi Aigle Noire wakiriye LLB ndetse uwunyagira Ibitsindo 4-0.

Inyuma y’iyo tsinzi kari akaryo keza ko kurondera umumenyereza w’uwo murwi Joslin Bipfubusa kugira atange ibanga yakoreshe muri urwo rukino, gushikaho ahumira umugwi LLB wari usa nk’uwiziziye ihiganwanwa Primus League .

Joslin yagize ati” Ikintu twasumbije LLB n’ umukenyuro hamwe no gukoresha ibanga twigishije abakinyi mu myimenyerezo”.

Ku bijanye no kuba yari afise icizere yuko aza gutsinda LLB ibitsindo 4 vyose yavuze ati ” Turategura imigwi ariko itsinzi itangwa n’Imana”.

 

Joslin akaba yananebyesheje yuko ku nguvu z’Imana bagiye kugumana ikibanza ca mbere kandi agiye gutegura izindi nkino nkuko yiteguyeriye izo bahejeje.

Mu kibukako Aigle Noire imenyerezwa na Joslin Bipfubuza iri kwisonga n’amanota 16 ugakurikirwa na LLB ifise amanota 15.

4,837 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel