Scroll to Top

Bafashwe bariko barondera kugurisha ibihimba vyiwe inyuma y’ukumwica

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 11 Oct 2017 07:40 AM / /
Umurwa mukuru w’Intara ya Cankuzo

Inkozi z’ikibi zishika zitanu nizo zaraye zifatiwe  mu Ntara ya Cankuzo, zagirizwa kunyuruza n’ukugandagura uruhinja rw’umwigeme rufise imyaka ine, rwitwa Devote ndayisenga  ruturuka muri Komine Mishiha ata kindi ruziza atari ubumuga rwavukanye rw’ukuba bamwe bita Nyamwema.

Uwo mwana rero yari yanyurujwe n’abo babisha ku va igenekerezo rya 23 Ntwarante umwaka uheze 2016, maze kuva ico gihe kakaba kari kabaye nk’akamizwe n’ingoma , ata waciye n’ikanda ryiyo yarengeye.

Ni mw’ijoro ryo kur’uwu musi wa mbere italiki icenda 2017 , izo nkozi z’ikibi zafatanwa ibisigarira vy’urwo ruhinja rw’agandaguwe , mu kiringo zariko zibirondeza  uwo bigurira.

Bidatevye rero , izo nkozi z’ikibi arizo: Jean de Dieu Kwizera na Cyprien Miburo  baturuka ku musozi Rwamvura, Siméon Nzoyihera ava ku musozi Humure ;  Sylvestre Ngayabosha  na Jonas Banyiyezako  baturuka ku musozi Saswe, muri Komine Kigamba , zikaba zamaze gushikanwa muri Parike ikukira Sentare Nkuru y’Intara ya Cankuzo aho ziriko zirumvirizwa n’umushikirizamanza gutyo maze zize zikubitwe Intahe mu gahanga.

N’aho Umuvyeyi yahekuwe ataco ari bukigarure , yifatanije n’ababanyi  , bose basaba ko ubutungane bwokora vy’akarorero mu ntumbero y’uguhasha iyo nyifato irengeye n’ubunyamaswa.

Twokwibutsa ko , mu kiringo ico caha cobagira bose  ku rugero rumwe, igihano kinini gitegekanwa n’aamategeko mpanavyaha ari ugufungwa ubuzima bwabo bwose, aho bagaburirwa bakavuzwa na Reta. Nayo ku ruhande rw’uwabuze hoho  intuntu n’agahinda nivyo bisubira mu kibanza c’uwo babuze batanka.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel