Scroll to Top

Basket Ball: Heroes Cup mu kwibuka incungu z’Uburundi.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 11 Oct 2017 11:42 AM / /

Mu mpera z’ino ndwi turimwo hagiye gutangura inkino z’ugukuranamwo ku migwi igize icicaro ca mbere mw’ishirahamwe ry’urukino rw’umupira w’amaboko Basket Ball mu gisagara ca Bujumbura (ACEBAB).  Ihiganwa ryiswe Heroes Cup

Inkino zatunganijwe mu ntumbero  y’ukwibukaincungu z’Uburundi abo nabo akaba ari: Umuganwa Rudoviko Rwagasore, Umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior). Imigwi ikaba igiye gukina kuva ku wa gatanu (13/10/2017), aho mu bakobwa no mu basore bazoba bariko baratana mu mitwe.

Ku wa 13 Gitugutu: New Star- Muzinga ( 10h), Kern – Mutanga United(12h)

Berco Stars – Rumuri( 10h), Aigle Noir BBC- Les Gazelles( 12h).

Ku wa 14 Gitugutu: Urukino rwa nyuma mu bigeme n’ukurondera ikibanza ca gatatu.

Ku wa 15 Gitugutu: Urunani – Dynamo  (9h), Gymkana – Ambassadors (11h).

Ku wa 21 Gitugutu: Inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma.

Ku wa 22 : Urukino rwa nyuma mu bagabo.

Ico gikombe kikaba catunganijwe n’ishirahamwe rya Pax Burundi, rikaba ryanashizemwo uburyo butari buke, bungana n’imliyoni icumi na zitanu( 15.ooo.ooo) z’amarundi. Umugwi wa mbere uzotahukana igikombe uzotahukana igikombe n’ibahasha y’imiliyoni zibiri n’igice ( 2.500.000fbu), uwa kabiri atahukane imiliyoni zibiri (2.000.000).

Mu bigeme uwuzotwara igikombe azotahukana igikombe n’amahera angana n’umuliyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu (1.500.000), uwakabiri nawe atahukane umuliyoni w’amafaranga y’amarundi( 1.000.000).

Iri higanwa rikaba ribaye irya mbere rihuza imigwi ya hano mu gisagara ca Bujumbura ritunganijwe mu buryo bwinshi kuko rizotwara uburyo bungana n’imiliyoni icumi na zitanu ( 15.000.000) z’amahera y’amarundi.

3,110 total views, 8 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel