Scroll to Top

Amazina atatu ashobora gusubirira Berahino muri Stoke City.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 11 Oct 2017 12:19 PM / /

Inyuma y’amezi icumi gusa ari muri Stoke City, Saido Berahino yoba ashobora kurekurwa na Stoke City, aho amazina atatu y’abakinyi bashobora kumusubirira, yatanguye kuja ahabona.

Ikinyamakuru SoccerSouls cashize ahabona abakinyi batatu bamaze kuronderwa na Mike Hughes amenyereza Stoke, ngo baze basubirire uyu musore amaze iminsi igera kuri 580 ata gitsindo na kimwe aratsindira Stoke City mw’ihiganwa ry’igihugu c’Ubwongereza.

Amazina rero ashirwa ahabona ni :

Danny Ings 

Uno musore yashitse muri Liverpool  mu mwaka wa 2015, ariko bivanye n’ibikondoka ntiyigeze aronka akanya gakwiye k’ugukina.

Dwight Gale

Inyuma y’aho  New Castle United igarukiye mu cicaro ca mbere, Dwight Wale ntariko arakoreshwa  n’umumenyereza Raphael Benitez, ibishobora gutuma vyoroha kuja muri Stoke. Gale afise ibitsindo 23 mu nkino 32 yakiniye New Castle mu cicaro ca kabiri.

Tammy Abraham

Ku myaka mirongo ibiri (20), uno musore akinira Swansea yigeze kuba mu bakiri bato b’umugwi wa Chelsea.  Akaba yavuye mu cicaro ca kabiri muri Bristol City aho yatsinze ibitsindo 26 mu nkino 48.

Ivyo rero bikaba bitaza korohereza Berahino, inyuma ya Penalty aherutse guhusha mu ndwi igira indwi y’ihiganwa ryo mu gihugu c’Ubwongereza. Berahino akwije umwaka urenga ata gitsindo atsinze mw’ihiganwa rya Premier Ligue kuko aheruka gutsinda muri Nyakanga 2016.

7,051 total views, 9 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel