Scroll to Top

Iki nico Best Life Music ishikiriza naho ataco banovye muri Afrima awards 2017

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 12 Oct 2017 00:17 AM / /

Best life ngo barashima kuba bararonse ababashigikira mw’ihiganwa Afrimma 2017 naho ataco bahanovye.

Umurwi Best life music naho utabashije gutahukana agashimwe mw’ihiganwa Afrimma 2017 barashimira abo bose babashije kubashigikira mu kubatora muri iryo higanwa.

Nkuko biboneka ku mbuga basanzwe bakoresha yaba Facebook, Instagram canke WhatsApp, abo baririmvyi baranashimira abadahengeshanya kubashigikira mu Muziki ndundi.

Best Life ukaba umwe mu mirwi idahengeshanya gukora ibikora inka mu Muziki ndundi kandi bariko baravuzwa mu mice itandukanye ya Africa.

Rikaba rigize irya 2 bashirwa ku rutonde rw’abahiganwa muri iryo higanwa ariko ntihagire ico bahanoba.

Akaririmbo ka nyuma baheruka gushira ahabona akabaka ari “Hello “, uno musi kabarizwa mu ncuro ibihumbi 4 kamaze kurabwa ku mhora wabo wa YouTube.

4,232 total views, 12 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel