Scroll to Top

Davy Carmel yahawe ikiganiro n’imwe mu mboneshakure zikomeye muri Africa

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 12 Oct 2017 03:00 AM / /

Mu kiganiro na Africa 24 Tv, Davy yahumurije ko impuzu ziwe zitazimvye.

Davy n’aba Mannequin berekanye imyambaro y’impuzu ziwe

Davy Carmel aheruka guhabwa ikiganiro n’imwe mu mboneshakure zikomeye zikorera Ku mugabane wa Africa, Africa24 Tv.

Muri ico kiyago camaze umwanya muto yamenyeje ko muri izo mpuzu ziwe, yipfuza ko umuntu yiyumva ko adasa n’abandi bose barikumwe, yumva ko afise akantu kiwe gusa.

Davy azwi mu mice myinshi irimwo Ubucamanza yigiye ngo uwo murongo w’impuzu ziwe yashize ahabona mu mwaka wa 2016, urimwo impuzu zitazimvye zigurwa amafaranga abayabaye.

Davy gushika ubu ngo aracahiganirwa amasoko yo mu gihugu no mu karere. Ariko akizera ko nawe azoheza akaronka ikibanza gikwiye c’ugushoneramwo izo mpuzu yatanguye gucapa kuva akiri muto cane.

Kurikirana ngaho musi Ico kiyago yagiranye n’iyo mboneshakure Africa24TV

6,679 total views, 27 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel