Scroll to Top

FIFA irakeza inzego nshasha zatowe mu mupira w’amaguru mu Burundi.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 12 Oct 2017 06:08 AM / /

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, rirakeza inzego nshasha ziherutse gutorwa ngo zirongore umupira w’amaguru hano mu Burundi.  Inzego zavuye mu matora yabereye mu ntara ya Gitega ku wa 8 Gitugutu.

Amatora yashize ku  burongozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo ku ncuro ya kabiri, kuko asanzwe ari muri ayo mabanga kuva mu mwaka w’2013.

Muri iryo kete ryateweko igikumu, n’umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu FIFA, Giani Infantino, habonekamwo amajambo y’ugushima uko amatora yagenze hamwe n’ukwemeza  ivyayavuyemwo.

FIFA ikaba yamenyeshejeko yifuriza ukororanirwa mu bikorwa inzego nshasha  muri kino kiringo bagiye kuba indongozi z’umupira w’amaguru (2017-2021).

5,367 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel