Scroll to Top

Coach Mubaya ati:” Tuzoba mu bibanza vyambere.”

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 12 Oct 2017 08:28 AM / /

Mu gihe ihiganwa rya primus league ryari riteye ku musi ugira 6 kw’ igenekerezo rya 09 Gitugutu umugwi Flambeaux du centre umenyerezwa na Mubaya watsize umugwi Inter Star ibitsindo 2-1 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Inyuma y’urwo rukino umumenyesha makuru mugenzi wacu Ismail Nahodha  yegereye umumenyereza wa Flambeaux du Centre amubaza ingene yoba yakiriye itsinzi n’ikibaza abona azorangiza ihiganwa arimwo.

 

Mubaya yagize ati ” Tuvuye habi naho tutahukanye amanota atatu turashimir’Imana, twagerageje murabona yuko Inter Star yari yatugoye gose sitwe twabonye turonse igitsindo ca kabiri.”

Mubaya akamenyesha ko barushije inter Star ishaka, kuko igice ca mbere bari babatsinze igitsindo 1-0 ariko guca bazana inguvu nyishi bakagombora.

Arongera ati:” ntitwacitse inkonkora murabona n’igitsindo ca kabiri twacinjije ku munota wa 90″.

Coach Mubaya yasubiye aratanga icizere yuko umugwi Flambeaux du centre uzorangiza ihiganwa  uri mu  bibanza bine  (4) canke bitanu vya mbere.

Flambeau du Centre ukaba uri mu kibanza ci 10 n’Amanota 7 Mw’ihiganwa Primus League.

4,834 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel