Scroll to Top

Nduwimana Pablo yavuze aho yifuza gushikana Amagaju

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 12 Oct 2017 12:42 PM / /

 

Umumenyereza w’umurundi asanzwe amenyereza umugwi Amagaju Fc wo mu Gihugu c’ Urwanda yavuze aho yifuza gushikana umugwi Amagaju Fc mw’ihiganwa rya Azam Premier League Rwanda 2017.

Mu kiganiro Nduwimana Pablo yahaye Indundi Sport yaramenyeshe intumbero y’Amagaju, akavuga ko arukurondera ibibanza vyiza, ariko wewe ko yipfuza ko uwo murwi woja mu Bibanza bine vya mbere mur’ uno mwaka.

Kuvyerekeye abakinyi afise abona yuko bofasha umugwi Amagaju Fc kuba mu bibanza 4 vya mbere agira  ati” ku bakinyi mfise n’abana bariko batera imbere muri iyi misi kandi bafise ishaka rikomeye na Objectif, nkaba mfise nabandi bakinyi babarundi aribo Tshabalala hamwe na Tresor, n’abakinyi bafise determination ibimpa icizere co kurangiza ihiganwa ndi mu bibabanza 4 vya mbere”.

Nduwimana pablo akaba yavukiye mu hano iwacu muri karitiye ya Nyakabiga mu mwaka wi 1984, akaba yakiniye mu migwi ikomeye nka Rumuri, Prince -Louis Fc ndetse n’Umugwi Nserukira Gihugu Intamba mu Rugamba cadet Senior na Junior, ntiyakiniye mu Burindi Gusa no mu Rwanda yakinye mu migwi itandukanye nka As Kigali , Mukura Vs aca ahereza mu mugwi Amagaju , ari naho yatanguriye ivy’Ubumenyereza .

2,687 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel