Scroll to Top

Spok’s yagize ico avuga inyuma y’ukuva mu bitaro

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 12 Oct 2017 14:58 PM / /

Spok’s yashimiye abamushitseko, anemera kwishura ubutumwa bw’indemesho ko vuba babona inyishu.

Mu gihe akamarariya kaheruka guca kuri Spok’s muri ino misi gushika naho kamushikana mu bitaro akabanza guterwa amaserumo. Uwo muririmvyi ubu ngo n’amahoro.

Akoresheje imbuga Ngurukanabumenyi yaryoherewe umuryango munini wamubaye hagufi muri ivyo bihe bitari vyoroshe, anawubwira ko abakunda cane.

Spok’s yanaboneyeho akaryo ko kubwira abantu batari bwabone abasubiza Ku butumwa barungitse ko botenyenya kuko ngo ari bwinshi cane Ku buryo atobuheza bwose ako kanya, ariko akizera ko azoburangiza kandi bose akabaha inyishu.

Ku musi wa gatandatu akaba ariho yava mu bitaro, nayo

Muri ubwo butumwa Spok’s yanditse ati:

Icubahiro kibe ic’Imana yo yankijije Malaria yarimazeko imisi, ubu nakize meze neza naraye nsohotse Ibirato murabona ko mvuye gusenga.
Nagira mfate akanya nshimire incuti n’abagenzi umwe wese mu cubahiro ciwe Ku kuntu mwambaye hafi aho nari Ku musego, ndashimiye abagoye bose bakahashika n’abavyiyumviriye bakabuga akanya, abansengeye, abanyandikiye bose ubutumwa bw’indemesho muri benshi cane vyukuri narabonye ko mu mfise Ku mutima, ubutumwa bwanyu (Sms) mbandanya ndabusoma naho ari bwinshi kandi bwose nzobwishura.

Imana ibampezagirire kandi mumenye ko ndabakunda cane.
Mugire umusi mwiza. “

8,757 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel