Scroll to Top

#indundi Sports| Mailo yashimiye abamenyesha makuru bamukebuye

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 12 Oct 2017 15:27 PM / /

Mu gihe ihiganwa Primus league ryabandanije ku musi wayo ugira 6 umugwi Vital’o Fc waronse itsinzi yawo ugira kabiri kuva ihiganwa primus league itanguriye kwigenekerezo rya 09 Munyonyo.

les Jeunes Athletic wari wakiriye Vital’o urukino rurangira Vital’o itsinze ibitsindo 3 kuri 1 ca Les jeunes.

Inyuma yurwo rukino abamenyesha makuru begereye umumenyereza wa Vital’o Nzeyimana Mailo bamubaza ingene yumva amere inyuma yiyo atsinzi .

Nawe ashimira abamenyesha makuru na banditsi kugikorwa bakoze co gukebura uwo mugwi na cane cane Ku busatirizi ndetse aranavuga yuko abamenyesha makuru ari abahinga bazi vyinshi mu mupira w’amaguru.

Mailo yagize ati:” Itsinzi yariyo yose naho yoba ari igitsindo kimwe ni itsinzi kuri Jewe n’umunezero, n’ikindi cirwa nsubiye kuronka uno musi nkwije amanota umunani (8) uwambere asumvya amanota umunani abamenyesha makuru mwarasemereye muma radio ndetse no ku binyamakuru bitandukanye mutubwira twikebuke, twaciye tubikorerako ndetse si ukumenyesha makuru gusa muri abahinga murazi ico gisigura umupira w’amaguru.

 

Vital’o Fc ukaba umaze gukina inkino zi 6 n’amanota 8 ukaba uri mu kibanza ca 9.

8,218 total views, 9 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel