Babbi yajije igihe azoshira ahabona akandi karirimbo

Inyuma y’uturirimbo nka Kikomando, By your Side na Mbwira duheruka gushirwa ahabona twakunzwe n’abatari bake, Babbi avuga ko hari akandi karirimbo gashasha kari inyuma, kari mu gusohoka.
Ako karirimbo ngo gashobora gushirwa ahabona kuri uyu wa 25, naho atavyemeje 10 kw100. Ivyo akaba yabishikirije ku rubuga rwa Facebook aho yariko abaza abamukurikirana nimba hoba hageze ko ashira ahabona akandi karirimbo.
Ako karirimbo kakaba kazoshirwa ahabona gasanzwe utwo turi kuri urwo rubuga tumaze gushika ku mitima y’abatari bake. Kikomando kakaba kamaze kurabwa incuro zirenga 100,000, Mbwira na By your Side tukaba tumaze kurabwa incuro zirenga 16,000 kuri urwo rubuga rwa Facebook.
Mwomenya ko hampande y’ukudatomora neza igihe kazoshirirwa ahabona, Babbi atanashikirije izina ry’ako karirimbo co kimwe n’ubutumwa buzumvikanamwo, naho akunda guhagarara ku rukundo cane.
Mr Sumy Popompo:Juweni kutofautisha kutunga Comedy na kucheza Comedy
...
B-Face inyishu ziwe ziratwegengeje kundirimbo Hindukira| Lucky Nzeyimana mu Rwanda yishuwe na B-face
...
Imboneshakure zigurishwa mu gihe ca Black Friday ngo ntizikingiye neza
FBI iragabisha abagura imboneshakure muri Promotion ya Black Friday, kuko zidakingiwe, ngo...
Ng’iki ikindi kintu gihambaye umuririmvyikazi Natacha yaraye akoreye abarundi
Hari igiye c’isaha zitatu n’inusu mu Buganda kw’igenekerezo rya 6 Kigarama 2019...