Scroll to Top

Patrick Richard agiye kumenyereza mu gihugu c’Urwanda.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 16 Oct 2017 11:29 AM / /

Umumenyereza mukuru wa Berco Stars akaba  n’icegera c’umumenyereza w’Urunani, Patrick Richard Ngwijuruvugo agiye kumenyereza umugwi Reg wo mu gihugu cUrwanda, mw’ihiganwa ry’urukino rwa Basket Ball.

Ikiringo c’imyaka igera kuri ibiri nico kiringo kiri mu masezerano uno mumenyereza yahawe n’utundi turusho dutandukanye. Twaganiriye n’uno mumenyereza agira ico atubariye.

” Kuva mu mwaka w’2015, narondewe n’imigwi myinshi cane yo mu gihugu c’Urwanda ariko ntabwo twigeze duhuza kuvyerekeye ibigize amasezerano. Kuri uno munsi Umugwi wa Reg  nibaza ko bashobora kuba banshikiye aho nifuza. Nibaza ko noba ndi umumenyereza wa mbere muri Basket Ball, asohotse igihugu biciye mu masezerano agaragara. “

Uno mumenyereza akaba ategekanya gutangura akazi muri uyo mugwi mu ndwi iza.

Patrick Richard arikumwe n’umugwi yatwaye ibikombe bitandukanye hano mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’igikombe c’igihugu.

Ku mugabane w’akarere, yatwaye ibikombe bitatu vya Memorial Gisembe, atwara igikombe c’akarere ka gatanu mu mwaka w’2015.

Inyuma y’aho yatwaye umugwi wa Berco Stars mu gihugu ca Angola, mw’ihiganwa rya Afrika ku migwi yabaye iya mbere iwabo.

Mu mugwi w’Urunani, yawufashije gutwara ibikombe bitandukanye harimwo ibikombe bitatu vy’akarere ka gatanu( zone 5), tutibagiye n’igikombe ca Memorial Gisembe yatwaye mu mwaka wa 2013, yongeye ashikana uyu mugwi mu bikombe vya Afrika mu bihugu vya Maroc na Tunisia.

Mu minsi iheze naho akaba aherutse gutanguza ishure ryigisha urukino rwa Basket Ball, abana bakiri bato kuva ku bana bafise imyaka ine gushika ku myaka y’ubuyabaga.

10,578 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel