Scroll to Top

#Indundi Sports| Ndizeye Alain Bangama yasubiye muri LLS4A .

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 16 Oct 2017 11:07 AM / /
 Inyuma y’iminsi ibiri gusa bimenyekanye ko yavuye mu mabanga y’ukumenyereza umugwi wa Buja City, Alain Bangama yagarutse muri LLS4A ata kanya kahaciye.
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Gitugutu, mu gihe LLS4A  na Athletico Olympique zahura mu rukino rw’umunsi ugira indwi muri Primus Ligue , habonetse uwari amaze imisi amenyereza umugwi Buja city Ndizeye Alain Bangama ku ntebe y’icegera c’umumenyereza  wa LLS4A .
Alain Ndizeye akaba yahagaritswe mu mabanga yo kumenyereza Buja city aca ahitamwo kw’isubirira mu mugwi LLB yahora ari icegera c’umumenyereza Mayele  imbere y’uko aja muri Buja city. 

8,896 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel