Scroll to Top

Waruzi amahera ahembwa muri AS Kigali?

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 16 Oct 2017 11:58 AM / /

Mu gihe mu hamaze kuboneka urutonde rw’abakinyi bahembwa amafaranga menshi mu gihugu c’Urwanda, Umusatirizi w’Umurundi Ndarusanze Jean -Claude  wa AS Kigali hamenyekanye amahera ahembwa.

Ndarusanze Jean -Claude ari mu kibanza ca 14 mu rutonde rw’abakinyi 15,  bakina mu Rwanda bahembwa amafaranga menshi n’amafaranga ibihumbi amajana atanu vy’amafaranga y’Urwanda(500.000 frw),  mu mafaranga ya hano mu Burundi angana n’umuliyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu ( 1.500.000 fbu) .

Ndarusanze Claude akaba yavuye mu Burundi akina mu mugwi LLB aca aherekeza mu Rwanda mu mugwi As Kigali aho yari arangije ihiganwa ry’i Burundi ari mu kibanza ca mbere n’ibitsindo 25.

9,408 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel