Scroll to Top

MAAFF yateguye ihiganwa ry’amareresi rigira irya kane

By La Rédaction / Published on Tuesday, 17 Oct 2017 07:29 AM / /

Mashariki African Film Festival, MAAFF mu mpfunyapfunyo imenyesha ko iriko itegura ihiganwa rigira irya kane ry’amareresi yo mu karere ka Afrika.

Ihiganwa Mashariki African Film Festival 4th edition rikaba ritegekanywa kuzoba kuva kw’igenekerezo rya 25 gushika kurya 31 Ntwarante mu mwaka uza wa 2018, rikazobera i Kigali mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Iryo higanwa ryuguruwe ku banya Afrika basanzwe bakora amareresi rikaba ryerekeye amereresi magufimagufi (court métrage), zaba ari fictions ndetse na documentaires, agasabwa kuzoba avuga ibijanye no kuri Afrika, yakinywe mu rurimi rw’icongereza canke akagira amasemo (subtitles) y’ururimi rw’icongereza canke igifaransa.

Ayo mareresi kandi akaba asabwa ko atoba yari bwigere ajanwa mu mahiganwa yandi amaze gutegurwa na MAAFF, atakinywe imbere y’umwaka wa 2016 akaba kandi yari ahagarikiwe n’umuhinga mu mareresi w’umunyafirika.

Nayo ku bijanye na formats, izo reresi zisabwa kuzoba zifise : Video Formats: .mp(e)g/.vob/.mov/.mp4/.avi, Audio Formats: 48 kHz sound PCM (only uncompressed), MP3, AA, hamwe na Resolution: HD material 1920x1080px.

Ukwiyandikisha akaba ari ku buntu kukazorangira kuwa 16 Kigarama uwu mwaka isaha icumi na zibiri ku nsaha mpuzamakungu GMT nayo amareresi azoba yacaguwe muyazoja muri iryo higanwa akazomenyeshwa kuwa 31 Nzero umwaka wa 2018.

7,683 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel