Scroll to Top

#Indundi Hit Show| Guest : Lynca

By king epimax / Published on Tuesday, 17 Oct 2017 07:13 AM / /

Mu kiganiro indundi hits show co kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 16 Gitugutu, umwigeme Lynca ari nawe yasubiyemwo indirimbo ”Agahengwe” ya Mudibu niwe yari umutumire muri ico kiganiro gisanzwe kiba kabiri mu ndwi ku musi wa mbere hamwe no ku musi wa gatanu.

Uwo mwigeme yavuze ko amaze gukora indirimbo zibiri gusa kandi afise n’izindi ziri inyuma zigiye gusohoka aho hari n’imwe yashoboye kuririmba gato akiri mu kiganiro aho yaciye agirako avuga ku bintu vy’amasanamu y’indirimbo ziwe ko abasazwe bamufasha bariko barabitunganya maze igihe kigeze azoheze azikore. Hari n’utundi tubazo tugufi cane yagiye arabazwa nka hagati ya Masterland na Kolly uwo yoba abona ko bokundana araheza yishura ko muri abo bantu babiri azi Kolly yamara Masterland we ngo amumva aramwumva gusa ntaramubona.

Uwo mwigeme yarangije ashimira ikinyamakuru indundi.com ko nimba hari abamwitayeho ko indundi.com ifata ikibanza ca mbere na cane cane ko yizera ko ibiri inyuma ari vyo bikomeye.

Kurikirana aha musi vyinshi vyavugiwe muri ico kiganiro.

 

Indundi Hit show with Lycan


6,492 total views, 4 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel