Scroll to Top

Basket Ball: Igikombe c’umukuru w’igihugu kigiye gutangura.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 17 Oct 2017 12:03 PM / /

Inyuma y’igikombe c’umukuru w’igihugu twari tumenyereye mu rukino rw’umupira w’amaguru, hagiye gutangura ico gikombe nyene mu rukino rwa Basket Ball hano mu Burundi.

Amakuru duhabwa n’abariko barategura kino gikombe, imigwi igera kuri mirongo ibiri n’ine (24) mu basore n’imigwi umunani ( 8) mu bigeme, niyo igiye gutana mu mutwe kugira ize yegukane ico gikombe.

Mu gisagara ca Bujumbura hategekanijwe kuva imigwi igera kuri ine, ariko hakazobanza kuba ihiganwa ryo gukuranamwo ku migwi umunani isanzwe iri mu cicaro ca mbere hano mu gisagara ca Bujumbura( Urunani- New Stars- Mutanga United – Ambassadors- Dynamo-Gymkana- Muzinga- Kern). Inkino z’ugukuranamwo zitegekanijwe ku wa 4/5/11 uno mwaka.

Intara ya Ngozi izoserukirwa n’imigwi itatu ( Friends Team- Target- Messager BBC), i Gitega imigwi ibiri ( Imbeya- Young) mu gihe izindi ntara zose zisigaye zizotanga umugwi umwe.

Mu bigeme hazoseruka imigwi itatu izoserukira igisgara ca Bujumbura ( Berco Star- Les Gazelles) hazokongerako umugwi uzotsinda hagati ya Aigle Noir na Rumuri. Imigwi y’abigeme izoserukira intara izova mu ntara za : Ngozi- Gitega- Rumonge- Makamba- Mwaro).

Ku munsi wa kane ( 19/10/2017), hategekanijwe inama y’ugutegura ihiganwa, inama izohurikiramwo abarongoye amashirahamwe yo mu ntara zose hamwe n’abandi bafise ico baterera kugira iryo higanwa rigende  neza.

Tubibutse ko iryo higanwa ryatunganijwe n’ishirahamwe Raising Generation rifadikanije n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, ubushikiranganji bw’urwruka inkino n’imico kama hamwe n’ishirahamwe ry’urukino rwa Basket Ball hano mu Burundi.

5,653 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel