Scroll to Top

Ibiriko birihwezwa mu nama nshikiranganji yo kuri uyu wa 18-19 Gitugutu

By La Rédaction / Published on Wednesday, 18 Oct 2017 03:56 AM / /

Kuri uyu wa gatatu uri hejuru igenekerezo rya 18 Gitugutu niho haramuka hakorana inama nshikiranganji izorangira ejo aho bukera kuwa 19 Gitugutu, iyo nayo ikaba itegekanijwe kuzokwihwezwamwo ibitari bike bigabuwe mu ngingo zigera kuri icumi na zitatu.

Iyo nama nshikiranganji ikaba yuguruwe na Nyakwubahwa umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza.

Nayo mu ngingo zitezwe kwigirwa muri iyo nama hakaba harimwo integuro y’ibwirizwa ry’umukuru w’igihugu ryerekana ingene inzego za gisirikare zitunganijwe n’ingene zirangura imirimo zashinzwe, integuro y’ibwirizwa ry’umukuru w’igihugu ritegekanya ishirwaho, itunganywa ndetswe n’ingene ishule rikuru rya gisirikare ISCEM rikora, kwihweza aho integuro y’umugambi w’ugusubiramwo ugushasha isoko nkuru ya Bujumbura igeze gushika ubu n’izindi.

Iyo nama nshikiranganji ikaba yitezwe kuzorangira ku musi w’ejo buca butangura, igenekerezo rya 19 Gitugutu uwu mwaka.

 

 

 

2,638 total views, 3 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel