Scroll to Top

Umumenyereza w’intamba mu rugamba buca atangaza abakinyi bazotegura CECAFA.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 18 Oct 2017 11:29 AM / /

Nk’uko bishikirizwa n’abasanzwe begereye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi, ku munsi w’ejo aho bukera, igenekerezo rya 19 Gitugutu, umumenyereza w’intamba mu rugamba azoshira ahabona urutonde rw’abakinyi bagiye kuzotegura ihiganwa rya Afrika y’ubuseruko no hagati CECAFA Senior Challenge.

Mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo kuri mbere gushika mu mpera za Kigarama, igihugu ca Kenya kizokwakira iryo higanwa, rizokwakira umuryango w’ibihugu bigeze CECAFA ku migwi nserukiragihugu.

Niyungeko Alain Olivier bikaboneka ko agiye gushira ahabona urutonde rw’abakinyi, harimwo  amazina mashasha kuko bamwe mu bakinyi bahora batumwako bamaze kuja gukina mu bihugu bibanyi,  n’ubwo nabo nyene bashobora gutumwako.

Iryo higanwa rikaba ryaheruka kuba mu mwaka w’2015, mu gihugu ca Ethiopia, aho Uburundi  butari bwashitse kure. Ibihugu vyitezwe muri iryo higanwa akaba ari 12 bigize CECAFA: Burundi- Kenya- Uganda- Tanzanie- Rwanda- Somalia- Zanzibar- Ethiopia- Djibouti- Erythree- Soudan- Sud Soudan. 

 

15,740 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel