Scroll to Top

Ingene iyibukwa ry’umuhisi Perezida Melchior Ndadaye ritegekanijwe

By La Rédaction / Published on Friday, 20 Oct 2017 04:25 AM / /

Iyibukwa ry’imyaka mirongo ibiri n’ine irangiye incungu ya demokarasi, umuhisi Perezida Melchior Ndadaye agandaguwe rizoba ejo aho bukera kuwa 21 Gitugutu uwu mwaka nk’uko vyaraye bishikirijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’inyigisho zikundisha igihugu mw’itangazo ryasomwe n’icariho c’uwo mushikiranganji, umushingantahe Thérence Ntahiraja.

Muri iryo tangazo nyene, ubwo bushikiranganji buramenyesha ingene uwo musi mukuru utegekanywa kuzohimbazwa haba ngaha mu gisagara ca Bujumbura ndetse no mu makomine yose agize igihugu cacu.

Muu gisagara ca Bujumbura ivyo birori vy’ukwibuka incungu ya demokarasi bikaba bitegekanywa kuzotangurwa n’inkuka ya misa izobera kuri Cathédrale Regina Mundi igihe c’isaha zitatu zo mu gitondo ikurikirwe n’ugushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’umuhisi hamwe no ku ntatemwa z’abo bahora bakora bagandaguriwe hamwe nawe, aho hazoba ari igihe c’isaha zitanu z’umurango, maze ibirori bizosozerwe n’ukwumviriza ijambo ryashikirijwe na Nyakwigendera Perezida Ndadaye Melchior yashikirije igihe yari ahejeje gutorwa ku mugaragaro kugira ngo ayobore igihugu cacu.

Eka no mu ntara zo hagati mu gihugu, uwo musi mukuru utegekanywa kuzotangurwa n’inkuka ya misa izotangura igihe c’isaha zitatu zo mu gitondo ikurikirwe n’ishirwa ry’ingori z’amashurwe ku vyibutso vy’uwo muhisi aho bisanzwe biri, nayo aho bitari, izo ngori z’amashurwe zikazoshirwa ku vyibutso vy’ukwikukira kw’Uburundi canke vy’ubumwe bw’abarundi.

Iryo tangazo rikaba rihamagarira abajejwe intwaro kurarika abenegihugu barongoye kwitabira ku bwinshi ivyo birori, rikongera rikabibutsa ko uwo musi atari umusi w’ukwiyamamaza kw’abanyepolitike canke kw’imigambwe ari nayo mpamvu habujijwe ko hari uwovyitabira yambaye ibimenyetso ivyarivyo vyose biraga umugambwe kanaka.

5,030 total views, 4 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel