Scroll to Top

#indundi | Umurundikazi Mw’ihiganwa Idol ryo mu gihugu ca Swede ariko abica bigacika

By KING YANN COOL / Published on Friday, 20 Oct 2017 05:49 AM / /

Mw’ihiganwa Idol ryo mu gihugu ca Sweden, habonetsemwo umurundikazi ageze ku ntambwe ishimishije.

Hicintuka Jemima n’umwigeme w’umurundikazi abarizwa ku mugabane wa buraya afise ijwi ry’akataraboneka.

Uwo mwigeme aho abarizwa mu gihugu ca Sweden uno musi ngo aharurwa mu bashobora gutahukana ikibanza ciza mw’ihiganwa Idol dusanzwe ribera muri Ico gihugu. Ringana na American Got Talent muri Amerika.

Uwo mwigeme akaba aheruka guhabwa amashi n’amashimwe akomeye n’abariko barabaha amanota, banamubwira ko ari mu basanzwe baririmba vy’igitanga, inyuma y’ukubatangaza mu kuririmba.

Naho inzira ariko Arafata ari nziza cane, uwo mwigeme ngo arageramiwe na bamwe bamwe bamubwira amajambo atandukanye arimwo ivangura(Racism), ariko uwo mukobwa we akavuga ko naho bitamuryohera ngo ahumiriza agakora ico akunda.

Tukaba tukibandanya kurondera iyo nyenyeri imurikira Uburundi muri Sweden ngo igire ico ivuga Ku ntambwe bagezeko ariko tukaba tutaramuronka.

6,770 total views, 5 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel