Scroll to Top

Basketball: Uburundi buzokwitaba ihiganwa rizobera muri Botswana. [Audio]

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 20 Oct 2017 13:57 PM / /

Mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo mu gisagara ca Gaborone, hazobera ihiganwa ry’urukino rwa Basket Ball, rukinwa n’abakinyi batatu gusa ( Basket de trois) . Ihiganwa rizohuza abana batarenza imyaka 20.

Uburundi bukaba buzoryitabira mbere hakaba hariko harakorwa ihiganwa ku migwi yamaze kuba yiyandikisha mu bahungu no mu bigeme hano mu gisgara ca Bujumbura.  Ihiganwa ririko riraba mu ntara ya Ngozi hamwe n’intara ya Gitega.

Kararuza Augustin arongoye ishirahamwe ry’urukino rwa Basket Ball mu Burundi yaraye yemeje ko muri kino gihe ishirahamwe ry’urukino rwa Basket Ball muri Afrika ( FIBA Afrique) ryamaze kwemeza ko uburyo bw’ugushikana iyo miyabaga muri ayo mahiganwa bwateguwe.

5,609 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel