Scroll to Top

#Indundi movies| Agahinda k’umukenyezi

By La Rédaction / Published on Sunday, 22 Oct 2017 03:26 AM / /

Inyuma y’ugushira ahabona amareresi atari make yabiciye bigacika, umurwi usanzwe ukina amareresi aryoshe cane ALCAL RP wo ngaha mu gisagara ca Bujumbura, uheruka gushira ahabona iyindi reresi yataziriwe “AGAHINDA K’UMUKENYEZI”

Iyo reresi ikaba yakinywe mu rurimi kavukire rw’ikirundi, iraheza ihinyanyurwa na “IMPANO Picture Films” ifadikanije n’uwo murwi “ALCAL RP”.

Muyisangamwo abakinyi batavyorosha mu gukina amareresi nka Manirakiza Amédée ari nawe yayiteguye, Niyokwizera Belyse, Nsabimana Onesphore, Izere Octavie n’abandi.

Mu bafashije kugira ngo iyo reresi ikorwe neza hakaba harimwo VUMILIYA Berger ari nawe yafashe amasanamu yayo afadikanije na Bampenda Iddy, nayo utuziki tukaba twashizwemwo na Hatungimana Fabrice.

Incamake : Burya amarira y’umukenyezi ngo atemba ku maso ya buri muntu wese. Ivyabaye kuri KEZA nawe vyogutera agahinda. Inyuma y’uguterwa inda y’ishushu, KEZA ntivyamworoheye na gato kuko umuryango waciye umukurako amaboko maze umurungika kwubakana n’uwamuteye iyo mbanyi atabiteguye. Ido n’ido ni muri iyi reresi “AGAHINDA K’UMUKENYEZI”.

Iyo reresi cokimwe n’izindi reresi ndundi mukaba mushobora kuzikurikirana muciye kuri http://nihotv.com.

4,012 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel