Scroll to Top

Icipfuzo kiyovya ni ireresi ibica bigacika mu gisagara ca Bujumbura

By La Rédaction / Published on Saturday, 21 Oct 2017 10:40 AM / /

Umurwi “RIVER THE GREAT FILM” usanzwe ukina amareresi mu gisagara ca Bujumbura ufadikanije na “IMPANO Videoz” baherutse gushika ahabona ireresi ibica bigacika yiswe “ICIPFUZO KIYOVYA”.

Incamake yayo : Inyuma y’aho abavyeyi ba Célestine bamuyobeje agafata inzira yari yizeye ko ari nziza yamara mu nyuma agasanga yarayovye ataco ari bukigarure, yaragerageje kuba mu buzima bugoye n’ubwo yahavuye yitaba umuremyi adashoboye kubona uwo yaruhiye. Vyinshi mubisanga muri iyi reresi “ICIPFUZO KIYOVYA” yakinywe mu rurimi kavukire rw’ikirundi.

Iyo reresi ikaba yateguwe yongera ishirwa mu ngiro na Happy River ifatwa amasanamu na VUMILIYA Berger, nayo utuziki tukaba twashizwemwo na Zacky.

Mushobora kwirabira iyo reresi cokimwe n’ayandi mareresi ndundi muciye kuri http://nihotv.com

6,277 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel