Scroll to Top

Dynamo yatahukanye igikombe ca Heroes Cup mu bagabo.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 22 Oct 2017 14:09 PM / /

Kuri uno munsi w’Imana, igenekerzo rya 22 Gitugutu,  niho hari haramutse harangira igikombe citiriwe incungu ( Heoes Cup), igikombe catahukanywe n’umugwi wa Dynamo utsinze Muzinga ku manota    58 kuri 48.

Inkino zateguwe n’ishirahamwe Burundi Pax, mu ntumbero z’ukwibuka incungu z’Uburundi , Umuganwa Rwagasore Louis yarondeye intahe y’ukwikukira hamwe na Perezida Ndadaye Mechior yaharaniye Demokarasi, dusanzwe duhimbaza isabukuru ry’igandagurwa ryabo muri kuno kwezi kwa Gitugutu.

Umugwi wa Dynamo waronse igikombe n’ibahasha ringana n’amahera imiliyoni zibiri ( 2.000.000 fbu), umugwiwa Muzinga wa kabiri uhabwa umuliyoni umwe n’igice ( 1.500.000fbu), umugwi wa gatatu ariwo New Star uronka ibihumbi amajana indwi na mirongo itanu (750.000 fbu), umugwi wa kane wa Mutanga United wahawe ibihumbi amajana atanu ( 500.000fbu).

Tukabamenyesha ko iryo higanwa ku ruhande rw’abigeme ryari ryatahukanywe na Les Gazelles  utsinze Berco Stars ku budasa bw’amanota ane.

6,908 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel