Scroll to Top

Primus league | Inter yakoreye ibitangaza Messager ngozi

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 22 Oct 2017 16:47 PM / /

 

Hari ku mugoroba w’uwu w’Imana ku Kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore aho hari haba urukino rwahuza Umugwi Inter Star hamwe n’umugwi Messager Ngozi mw’ihiganwa Primus League ku ncuro y’8 yaryo.

Urukino rukaba rwaragiye Umugwi Inter Star ukoze ibitangaza mu gutsinda Messager Ngozi igitsindo 1-0.

Ico gitsindo kikaba catsinzwe ku munota wa 27 n’umusore akiri muto yitwa Hakizimana Hakim ku mupira yahawe neza na mugenziwe yitwa Makun.

N’urukino rwatangaje abantu benshi narirya Umugwi Inter Star ata manota atatu wari bwaronke kuvaho ihiganwa Primus League ritanguye .

Inter Star ikaba yaciye ironka amanota 4 mu nkino 8 mu gihe Umugwi Messager Ngozi iyo wari gutsinda urwo rukino wari kuba ihambije umugwi LLBS4A ku manota 21.

6,653 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel