Scroll to Top

Inyuma y’ugusezera abo bakoranye yafashe indege agana REG BBC.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 23 Oct 2017 11:34 AM / /

Ku munsi wa gatandatu uheze, kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu, niho Ngwijuruvugo Patrick Richard yahereheza igikorwa c’ugusezera abo bahora bakorana mu migwi itandukanye hano mu gisagara ca Bujumbura.  Abasezewe ubwa nyuma, ni ishure rya Kazoza Sports for Life Academy.

Kuri uno mugoroba rero niho Ngwijuruvugo Patrick Richard yafata indege yerekereza igisagara ca Kigali, aho agiye kumenyereza umugwi wa REG BBC, ukina mu cicaro ca mbere mu rukino rwa Basket Ball, aho mu Rwanda.

Twobibutsa ko uno mumenyereza aheruka gusinya amasezerano y’imyaka ibiri muri REG BBC, akaba avuye mu mugwi wa Berco Stars mu bigeme n’Urunani nk’icegera c’umumenyereza mukuru.

5,245 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel