Scroll to Top

Igice ca gatatu n’ica kane vy’ireresi “Umushibuka” biherutse gushirwa ahabona

By La Rédaction / Published on Tuesday, 24 Oct 2017 06:31 AM / /

Umurwi usanzwe ubica bigacika mu gukina amareresi uwuyaravye atipfuza gusubira kuraba ayandi ariwo ”ALCAL RP”, ntako udakora mu kwama ubategurira amareresi y’akataraboneka. Inyuma y’ugushira ahabona igica ca mbere n’ica kabiri c’ireresi idasanzwe bataziriye “UMUSHIBUKA”, uwo murwi ALCAL RP nk’uko wari wabibemereye uherutse gushira ahabona igica ca gatatu n’ica kane c’iyo reresi ”UMUSHIBUKA”.

Ireresi ”UMUSHIBUKA” ikaba yatunganijwe na IMPANO Videoz ifadikanije na IMPANO Pictures Films, nayo mukaba muyisangamwo abakinyi badasanzwe nka Amédée Manirakiza (Turbo) ari nawe yayanditse yongera ayikinamwo nka acteur principal, Tubisabimana Anny Espérance, Ayinkamiye Tryncia, Abisi Félicien, Harerimana Samuel n’abandi. Berger Vumiliya akaba nawe ariwe yafashe amasanamu yayo nayo utuziki tukaba twashizwemwo na Hatungimana Fabrice.

Incamake : Burya iyo IMANA iri mu ruhande rwawe nyene umutego mubi uramushibukana. Abavukanyi Turbo na Anitha baratezwe umushibuka birukanwa mu vyabo no mu babo. Yamara inyuma y’ukuba mu buzima butoroshe ndetse bakanatandukana, baratevye barasubira guhura maze baragaruza n’amatungo y’abavyeyi babo. Ivyo vyose mubisanga muri iyi reresi ”UMUSHIBUKA”.

Iyo reresi cokimwe n’izindi reresi ndundi mukaba mushobora kuziraba ku buntu muciye kuri http://nihotv.com

4,908 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel