Scroll to Top

#indundi | Cheza niko kazina Aime M yahaye akaririmbo kiwe gashasha

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 25 Oct 2017 06:39 AM / /

Aime M buca asohora akaririmbo yise “Cheza” mu misi ya Vuba.

Inyuma y’amasanamu y’akaririmbo “Mapenzi” ka Aime M kasohowe mu kwezi kwa 2, ubu kamaze kurabwa incuro zirenga ibihumbi 44 ku rubuga rwa Youtube . Uwo muririmvyi ngo agiye gushira ahabona akandi gashasha.

Mu kiyago yagiranye na Indundi Magazine yamenyesheje ko amasanamu yamaze guhera gukorwa, asigaye gushirwa ahabona. Ku rubuga rwa YouTube rwiwe.

Ako karirimbo buca gashirwa ahabona kiswe “Cheza”, ako kakaba kanatanguye kumenyekanishwa hirya no hino n’abakunzi b’ico gikorwa ciwe. Yaba aba fans abaririmvyi n’abandi batandukanye babandanya basangiza ababakurikirana iyo shusho n’ubutumwa Aime yanditse.

 

Hagati y’izo ndirimbo zibiri, Uwo muririmvyi abarizwa i Chicago muri leta zunze ubumwe za amerika, akaba yaheruka gutumirwa mu masabukuru atandukanye y’abanyafrika abera ngaho muri ico gihugu.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel