Scroll to Top

Abdourazak Fiston ashobora kuja gukinira ku mugabane wa bulaya.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 25 Oct 2017 11:57 AM / /

Amakuru adushikira kandi twokwizera n’uko umusatirizi w’umurundi Abdoulazak Fiston asanzwe akinira mu gihugu ca Afrika y’Epfo, ashobora kuja gukina ku mugabane wa Bulaya.

Ivyo bikaba bije mu gihe uno mukinyi w’imyaka 26 aherutse gukurwa ku rutonde rw’abakinyi b’umugwi wiwe wa Mamelodi Sundowns, mu bakinyi bariko barakina ihiganwa rya PSL muri uyu mwaka mu gihe yarafise amasezerano gushika mu mwaka w’2018.

Izo nkuru ziramenyesha ko uno mukinyi ashobora gufata indege yerekereza igihugu kimwe c’i bulaya mu bihugu bikunzwe kwitwa vya Scandinavia muri Bulaya bw’uburaruko bikavugwa ko  ashobora  guca hano mu Burundi.

Inkuru tugiye kubandanya tubatohoreza.

 

8,549 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel