Scroll to Top

Umuntu wese asabwa guterera agacumu k’ubumwe

By La Rédaction / Published on Friday, 27 Oct 2017 02:51 AM / /

Hari haciye igihe kitari gito mu gisagara ca Bujumbura hashizweho ibimenyetso bifasha mu bijanye n’umutekano wo mw’ibarabara, feux tricolores de signalisation mu kinyamazuru yamara abanyagihugu batari bake bakaba batari bwamenye ingene ivyo bimenyesto bikora.

Ni mu ntumbero y’ugusigurira abanyagihugu baba abagenda n’amaguru ndetse n’abatwara ingendeshwa ingene ivyo bimenyetso vyashizwe mu mabarabara bikora, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bufadikanijwe n’abajejwe umutekano batunganije izo nyigisho kuri uyu wa kane twaraye tumaze igenekerezo rya 26 Gitugutu uwu mwaka zabereye mu gisagara ca Bujumbura ahakunze kwitwa kuri ”finance”.

Mw’ijambo ryiwe, Komanda w’ikigo PSR, OPC1 Roger Nankibingura akaba yamenyesheje ko urwo ruganda ruje kugira ngo barabe ko amasanganya akunze kwibonekeza mu mabarabara yogabanuka maze uruja n’uruza mu gisagara ca Bujumbura rubone kumera neza.

Yarongeye amenyesha ko ico gikorwa kitoshobora kuja mu ngiro mu gihe abajejwe umutekano, abajejwe intwaro, abanyagihugu hamwe n’abamenyeshamakuru batoterera agacumu k’ubumwe mu kuza baramenyesha ico cose bazoba babonye kitameze neza.

4,432 total views, 4 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel