Scroll to Top

Ibinyoma 10 vyabeshewe Uburundi hamwe n’ababeshi 10 nyamukuru mu gucafuza Uburundi

By La Rédaction / Published on Thursday, 26 Oct 2017 07:42 AM / /

Kuri uyu wa gatatu twaraye duhejeje, igenekerezo rya 25 Gitugutu 2017, abavugizi b’inzego zigize Reta y’Uburundi barakoresheje ikiganiro cabereye kuri Nyabagere Conference Center mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura cari gishimikiye kw’ijambo ry’umutwe rivuga riti “Ukuri guca mu ziko ntigusha”, ”Haguhura n’umubeshi wohura n’umurozi”, aho basigura ku binyoma icumi nyamukuru vyabeshewe Uburundi.

 

Ivyo binyoma ngo vyabeshewe Uburundi akaba ari ibi bikurikira :

1. Ikinyoma ca mbere casiguwe n’umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kikaba kijanye n’amasezerano y’i Arusha ;

2. Ikinyoma ca kabiri casiguwe n’umupfasoni Maniragaba Evelyne kikaba kijanye n’ihonyabwoko ;

3. Ikinyoma ca gatatu casiguwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano OPP1 Pierre Nkurikiye kikaba cerekeye ibinogo vyavuzwe ko biriko vyimbwa mu Kirundo kugira ngo bizohambwemwo abatutsi bokwishwe mw’ihonyabwoko ;

4. Ikinyoma kijanye n’impunzi z’abarundi aho ibiharuro vyazo vyaguma bihindagurika kandi ivyo biharuro atarivyo ;

5. Espérance Ndayizeye nawe akaba yasiguye ku kinyoma ca ba Rukoti, abakura amenyo, guterana inshinge n’ibindi ;

6. Ikinyoma kijanye n’ugucanishamwo ingabo z’igihugu mu kuvuga ko aba EX-FAB babarembeje babica casiguwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba, Colonel Gaspard Baratuza ;

7. Doriane Munezero nawe akaba yaganiriye ku kinyoma c’ukubeshera imbonerakure mu kuzegekako amabi yose abaho ;

8. Ikinyoma c’imipanga n’ibigwanisho vyavuzwe ko vyakwiragijwe mu banyagihugu biciye mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi casiguwe n’umupfasoni Flora Kanyange ;

9. Ikinyoma kijanye n’ubunyonyezi bw’abakuru b’ibihugu ba Afrika aho bubahutse na Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza casiguwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa ;

10. Ikinyoma kigira icumi casiguwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, OPP1 Pierre Nkurikiye kikaba cerekeye ugukora ububisha kugira ngo babwegeke kubo banka, n’ukuvuga Reta y’Uburundi.

Nayo ababeshi icumi nyamukuru mu gucafuza Uburundi bakaba ngo ari aba bakurikira :

1. Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya,

2. Amwamwe mu mashirahamwe mpuzamakungu,

3. Bimwe mu bimenyeshamakuru vyo hanze y’igihugu,

4. Amwamwe mu mashirahamwe y’Uburundi adakiranira ivyicaro vya politike,

5. Insamirizi zikorera mu Burundi zimwe zimwe hamwe na bimwe mu bimenyeshamakuru bikorera ngaha mu Burundi,

6. Ishirahamwe BNUB,

7. Komisiyo ijejwe kugira amatohoza ku Burundi,

8. Ibihemu vy’abarundi (Ba sindumuja),

9. Komisiye ijejwe agateka ka zina-muntu,

10. hamwe n’abashatse gutembagaza ubutegetsi.

 

4,989 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel