Scroll to Top

Imyiyerekano yitiriwe ”Bayi CPI” yari yitabwe n’abantu isinzi

By La Rédaction / Published on Saturday, 28 Oct 2017 05:59 AM / /

Ukuva mu gitiri c’ibihugu bihurikiye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha kw’Uburundi kwatumye abarundi isinzi mu gihugu cose bazindukira mu myiyerekano y’ukwigina intsinzi y”’ukwikukira kw’Uburundi ubugira kabiri”, ”Bayi CPI” kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 28 Gitugutu.

Iyo myiyerekano mu gisagara ca Bujumbura ikaba yari yitabwe n’abantu isinzi uhereye ku banyacubahiro batandukanye, abajejwe intwaro, abashingantahe, abapfasoni hamwe n’urwaruka tutibagiye abasanzwe bunguruza abantu n’ibintu bakoresheje amapikpiki, ama tuk-tuk hamwe n’amakinga.

Uburundi bukaba bubaye ubwa mbere bwashikirije bukongera bugashira mu ngiro ingingo y’ukuvavanura n’iyo sentare y’i Rahe mu gihe ibindi bihugu bibiri vyari vyashigikiye ico ciyumviro c’ukuva muri iyo sentare arivyo igihugu ca Gambiya hamwe na Afrika y’epfo vyahavuye vyisubirako mu nyuma bikagumamwo.

 

3,632 total views, 4 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel