Scroll to Top

Ingwano yahora hagati ya Mobeto na Zari yacureshe

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 29 Oct 2017 09:17 AM / /

Ingwano yahora hagati ya Zari na Mobeto ngo yacureshe bivuye ku mpanuro z’incuti za Diamond bahaye abo bagore. 

Mu gihe induru zari zigize imisi ari zose ku mbuga ngurukanabumenyi hagati y’abavyeyi babiri, Zari na Mobeto bose bavyaranye na Diamond Platnumz, ubu ngo ibintu vyasubiriye gutungana.

 

Amakuru dukesha GPL muri Tanzania avuga ko abo bavyeyi bose, boba baheruka kwicarikwa hasi  barahanurwa bikomeye ngo iyo ngwano ihagarare.

 

Ayo makuru abandanya avuga ko incuti za Diamond arizo zoba zabicaritse ngo bikunde bahanurwe. Umwe mu baganiriye n’ico kinyamakuru yemeza ko hari akarusho kuko uguterana amajambo kwari kugize igihe guhari gusa n’ukwaheze.

 

Ivyo bishitse mu gihe ukwo kutavuga rumwe kwasa n’ukwatandukiriye ibihugu bibanyi vya Tanzania nka Kenya, aho Mobeto yaragize imisi aterana amajambo n’abigeme batandukanye bakomeye b’abanya Kenya nka Huddah na Sidika, abo bose bivurwa ko boba baragendanye na Diamond.

5,710 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel