Scroll to Top

Nahimana Shassir agiye gufatirwa ibihano

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 30 Oct 2017 08:14 AM / /

 

Umukinyi w’Intamba mu Rugamba Nahimana Shassir agiye gufatirwa Ibihano n’umugwi asanzwe akinamwo Rayon sports.
Mu rukino rwabaye kuwa 28 Gitugutu Royon Sport itsinda Kirehe Fc Ibitsindo 3-0 Shassir yaronse ikarata itukura ndetse abamenyereza bakemeza yuko yabikoze mpaka.

Ugufatirwa kw’ibihano kwa Shassir kuremezwa n’icegera c’Umumenyereza wa rayon Sports Ndikumana Amad katauti yari umumenyereza mukuru muri urwo rukino kumvo yuko uwuhahora yahawe ikarata itukura mu rukino ruheruka.

Amadi katauti avuga ati” Nivyo yakoreye amakosa umunyegori, tugomba kumufatira Ibihano kuko dufise ibibazo vy’abakinyi babasatirizi akaba yari umukinyi ngenderwako none yavuye mu rukino hakiri kare ndetse n’urukino rukurikira ntazobonekamwo, urumva ko yahaye igihano umugwi, ikarata itukura si ikibazo n’ukuntu yayironse ntitwovyemera dutegerezwa kumufatira ibihano ku buryo abera n’akarorero ku bandi .”

Biravugwa y’uko ibihano ashobora gufatirwa arukugabanya umushahara wiwe ahembwa uku kwezi .

Nahimana akaba atazoboneka mu rukino umugwi Rayon sport uzokina na Police FC igenekerezo rya 18 Munyonyo .

5,240 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel