Scroll to Top

Flambeau de l’Est : Womenya icatumye badatsindwa na rimwe mu kwezi kwa Gitugutu.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 30 Oct 2017 13:37 PM / /

Ihiganwa rya Primus Ligue rirabandanya, aho mu mpera z’indwi twaraye turangije, hariko hakinwa inkino z’umunsi ugira icenda.

Hari imwe mu migwi yigenjeje neza cane kuva kuno kwezi kwa Gitugugu gutangura.Aho twovuga nka Vital’oFC, Flambeau de l’Est, Aigle Noir n’izindi kuko itigeze itakaza urukino na rumwe.

Twashatse kumenya icoba catumye umugwi wa Flambeau de l’Est wigenza neza mu gutsinda inkino zine bakanganya  rumwe mu nkino zitanu bakinye kuva kuwa 4 Gitugutu gushika uwa 28 ( W4,D1).

Twegereye abakinyi babiri b’uyo mugwi bose bafise ico bahurirako.

Umunyegoli w’uyo mugwi, Wilonja Ismael  “ Ukwitanga ku bakinyi bose , twarumviye cane umumenyereza wacu  nico gikuru . Umumenyereza mushasha twaronse yarahinduye vyinshi cane gushika n’aho buri mukinyi aja ku rwego rwo hejuru”.

Uyundi mukinyi twavuganye ni  Thierry Sindayigaya, umusore akina ku ruhande rw’inyuma, nawe ntiyagiye kure y’ivyashikirijwe na mugenzi we.

” Umumenyereza mushasha twaronse yadushizemwo uruukundo hagati yacu, umukinyi wese wa Flambeau ari ku rugero rwiza. Umukuru w’umugwi nawe ariko arakora ibishoboka vyose kugira tubandanye guterimbere.” Ayo ni amajambo y’uno musore yigeze kuba ari kizigenza wa Flambeau de l’Est.

Flambeau de l’Est rero imaze gukina inkino icenda muri izo imaze gutsinda inkino  zitanu, itsindwa gatatu yongera  inganya incuro imwe ( W5,D1,L3).  Uyu mugwi uri mu kibanza c’indwi n’amanota 16. Umaze gutsinda ibitsindo 16, utsindwa ibitsindo 9, ukaba uzigamye ibitsindo 6.

6,358 total views, 4 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel