Scroll to Top

Icatumye umunyarwanda Dj Pius ashira ingoma mu ndirimbo yiwe

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 31 Oct 2017 00:59 AM / /

Kuba abarundi abafata nk’incuti, akanipfuza gushigikira abagenzi biwe bazivuza, ngo biri mu vyamuteye gushira ingoma mu ndirimbo yiwe.

Umwe mu baririmvyi b’abanyarwanda bariko barifata neza mu bikorwa vyabo, Dj Pius, aheruka gushira mu masanamu yiwe abavuzi b’ingoma bariko baziha umurisho.

Twashatse kumenya ico yashimye ingoma ndundi kugira azishiremwo. Yatubwiye ko imvo nyezina yatumye ashira ingoma mu ndirimbo ziwe nuko asanzwe yemera ko abarundi muri kano karere ari aba 1 mu kuvuza izo ngoma.

Dj Pius yabandanije kandi avuga ko hampande y’ukuzikunda yashimye kuzishiramwo kubera asanzwe afise abagenzi n’incuti mu barundi, ngo abarundi abafata nk’abavukanyi.

Pius muri ico kiyago yatubwiye kandi ko n’ukumenyekanisha izo ngoma n’incuti ziwe bazivugije, biri muvyamuteye gushiramwo izo ngoma muri ako karirimbo yise “Wabulila” kari mu rurimi rw’ikinyarwanda n’ikigande.

Iyo ndirimbo ikaba ari imwe mu ndirimbo ziwe zicishwa ku mboneshakure mpuzamakungu nka Trace Tv n’izindi..

Hampande y’iyo Pius akaba aheruka gushira ahabona iyindi ndirimbo ku musi wa gatandatu ahitwa muri Fusha mu gisagara ca Kigali, iyo akaba yayise “You Got it”, ikaba ngo iri ku rwego mpuzamakungu.

Mu makuru yacu yo hanyuma tukazobabwira ibanga yibiye abashaka ko indirimbo zabo zerekanwa kuri izo mboneshakure.

2,430 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel