Scroll to Top

Nyenicubahiro Perezida Nkurunziza yaraye yuguruye icese ibikorwa vy’ugucukura inzahabu z’i Mabayi

By La Rédaction / Published on Wednesday, 01 Nov 2017 01:01 AM / /

Umukuru w’igihugu cacu, Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza yaraye yuguruye icese ibikorwa vy’ugucukura ubutare bugizwe n’inzahabu i Mabayi mu ntara ya Cibitoke.

Kuri uyu wa kabiri twaraye duhejeje, igenekerezo rya 31 Gitugutu, umukuru w’igihugu cacu, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza niho yugurura icese i Mabayi mu ntara ya Cibitoke ibikorwa bijanye n’ugucukura inzahabu zisanzwe ziri muri iyo komine.

Ivyo birori vy’ukwugurura icese ivyo bikorwa bikaba vyabaye inyuma y’aho Nyakwubahwa Perezida Nkurunziza yari arangije kugirisha inama ba Buramatari b’intara zose zigize igihugu c’Uburundi yabereye aho nyene i Mabayi mu ntara ya Cibitoke.

Iyugururwa ry’ivyo bikorwa vy’ugucukura ubutare bw’i Mabayi bikaba kandi vyari vyatewe iteka n’umuserukizi w’igihugu c’Uburusiya ngaha mu Burundi, nayo ishirahamwe rigiye kurangura ico gikorwa rikaba ari “Tanganyika Mining”.

3,766 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel